Ijambo ryashikirijwe na Perezida Nkurunziza kubera urupfu rwa Jenerali Athanase KARARUZA

Barundi, Barundikizi,

1. Uno munsi, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, wabaye umunsi w’amarira n’amaganya ku muryango w’Intwazangabo Jenerali Athanase Kararuza, ku Nzego zo kwivuna abansi no ku Barundi bose. Hakiri kare, aho Intwazangabo Kararuza yariko ashikana ikibondo ciwe kw’ishure, akarwi k’inkozi z’ikibi kihaye inkumbi mu kumugandagura bunyamaswa, kamugandagurana n’abo bari kumwe mu muduga, harimwo n’Umutambukanyi wiwe.

2. Imbere ya vyose dusavye Imana Mushobora vyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ifashe umuryango wiwe, incuti ziwe, mbere n’abarundi bose. Turahojeje umuryango wiwe, turahojeje kandi inzego z’igisirikare, z‘igipolisi n’igendereza bari basanzwe bakorana bafatanye munda hamwe nabo bahora bakorana mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu.

3. Uburundi burabuze Intwari, umugabo w’ijunja n’ijambo, Intwazangabo yateye Iteka Uburundi n’abarundi haba mu gihugu canke mu makungu, aho yabaye n’Icegera c’Uwutwara Ingabo za MISCA, mu gihugu ca Centrafrique. Bitayeko Yararwanije yivuye inyuma abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu, mu mwaka uheze, yongera arafasha bimwe bidasanzwe kubungabunga amahoro n’umutekano mu gihe c’amatora n’inyuma yaho.

4. Turamusabiye ku Mana Mushoboravyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ihe umutima wo kwihangana no kwigumya umuryango wiwe, tutibagiye incuti abagenzi n’abakunzi biwe aho bari hose.

5. Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko.

Barundi, Barundikazi,

6. Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane.

7. Ibi bibaye uno munsi, ejo hahise hatewe iyindi ntwazangabo, mbere no mu ndwi yahera ako karwi k’ababisha bihaye inganda mu kwica abantu kabaziza amabanga bafise mu nzego zijejwe kwivuna abansi canke guhagararira umutekano w’abarundi n’igihugu, ndetse n’abenegihugu aho bakorera nko mw’isoko no mu bunywero. Ntaho bataniye nabakora ububisha bw’iterabwoba.

8. Turasavye abarundi ngo bame barikanuye, babandanye bakomeza ya makomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, kugira ababisha bafise iyo migambi iburizwemwo kandi bafatwe bahanwe batarakora ibara. Igihambaye dusaba Abarundi iyo bava bakagera, ni uko bokwama bagendera ubwitonzi, ubwira n’ubumwe vyaranze Jenerali Kararuza Athanase, ntibarwe mu mutego w’abo babisha, nyabuna tugire urunani rw’intamenwa dutuze utwo turwi tw’iterabwoba.

9. Mu kurangiza, twibukanye amajambo akomeye ari mu ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu avuga ngo “Imana yakuduhaye ikudutungire“. Turasabiye umwana yazize ubusa agakomeretswa n’ivyo bisasu vyatewe umuduga warimwo abavyeyi biwe ko Imana yomufasha ikarokora ubuzima bwiwe.

10. Tuboneyeho n’akaryo ko kuremesha Abarundi bose muri rusangi ko nk’uko utundi turwi tw’inkorabara twasambuwe, n’aba baduhekuye bagiye kuja ahabona, bateshwe kandi bafatwe, bahanwe hakurikijwe amategeko.
Imana ihangaze Uburundi n’Abarundi