Imirambo irenga 40 irimo iboheye amaboko inyuma imaze iminsi iboneka mu kiyaga Rweru

Kuva mu kwezi kw’indwi, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru baguma babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshe. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, amatohoza akaba yamaze gutangura.

Ivyo biziga bitorwa ku kiyaga Rweru gihana urubibe n’igihugu c’Urwanda biboneka bitekewe mu tumwanya, ibindi bikaboneka biboshe, hamwe n’ibindi biba vyambuwe impuzu, nk’uko abarovyi bakorera kuri ico kiyaga Rweru babimenyesha. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya.

Amakuru atangwa n’abo barovyi amneyesha ko ivyo biziga vyoba bitabwa mu ruzi Akagera ku ruhande rw’Urwanda, urwo ruzi narwo rugaheza rugasesa ivyo biziga mu kiyaga Rweru kiri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, mu gihugu c’Uburundi. Mu karere kegereye ico kiyaga bavuga ko ata muntu baraburira irengero, bakiyumvira ko ivyo biziga vyoba ari ivy’abantu boba bicirwa mu Rwanda, hama bakabazana kubata mu kuiyaga Rweru. Abo banyagihugu bakagira amakenga ku magara yabo, kuko basanzwe bakoresha ayo mazi y’ikiyaga Rweru kimaze iminsi gitorwamwo ibiziga. Gushika ubu abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga ntaco barashima kubivugako, ahubwo bagasaba abanyagihugu ko boza barateka ayo mazi imbere y’ukuyakoresha, bongere baze baramenyesha aho babonye ivyo biziga, kugira bikurwe mu mazi bitarasanzara.

Nk’uko bivugwa na Aline Manirabarusha, buramatari w’intara ya Muyinga, umurwi w’amatohoza waramaze gushirwaho, kugira ahava ivyo biziga bitorwa mu kiyaga Rweru hamenyekane, inyuma y’ibikorwa vy’uwo murwi, hakaba hategekanijwe imibonano hagati y’abajejwe intwaro mu Rwanda no muri Tanzaniya, ibihugu bisanzwe bihana urubibe n’ikiyaga Rweru, hamwe n’intara ya Muyinga.

Source: Egide Ndumwimana, igihe.bi