{"id":12475,"date":"2016-02-18T22:49:45","date_gmt":"2016-02-18T20:19:45","guid":{"rendered":"http:\/\/www.therwandan.com\/ki\/?p=12475"},"modified":"2016-02-18T22:51:51","modified_gmt":"2016-02-18T20:21:51","slug":"burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/","title":{"rendered":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba!"},"content":{"rendered":"<p><strong>ITANGAZO NO 003\/2016 RY\u2019UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 17 RUHUHUMA 2016<\/strong><\/p>\n<p>Ababandanya bihambirira ku vyiyumviro vy\u2019ihonyabwoko n\u2019ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni abo nyene batemera ibiganiro hagati y\u2019Abarundi na wa Mugwi ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR)<!--more--><\/p>\n<p>1. Mu mwaka w\u20191959, bamaze kunanirwa gutembagaza ubutegetsi bwariho mu Rwanda, hari abanyarwanda bamwe baciye bisukira mu Burundi gusaba ubuhungiro. Uguhunga nta kibi kirimwo kuko ivyo bishikira abantu bose bo mw\u2019Isi. Bashitse i Burundi barakiranywe urweze, ariko rero ingorane ni uko bahejeje guhabwa ubuhungiro n\u2019ivya nkenerwa mu buzima, izo mpunzi zaciye zitangura gukoresha amarementanya n\u2019ububeshi ngo ubwoko bw\u2019inkehwa bwo mu Burundi bushobora gushikirwa n\u2019ihonyabwoko nk\u2019abavukanyi babo bo mu Rwanda. Buhoro buhoro, abategetsi bo mu Burundi b\u2019ico gihe be no mu myaka yakurikiye baciye bategura ingene bazokora ihonyabwoko kugira ngo bitange ubundi bwoko nk\u2019uko babihanuwe n\u2019impunzi z\u2019Abanyarwanda. Ayo marementanya y\u2019ububeshi bw\u2019abo bashitsi yashikanye kw\u2019igandagurwa ry\u2019Umuganwa Rudoviko Rwagasore mu 1961, ku bwicanyi bwahitanye Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe n\u2019ubundi bwicanyi bwahitanye abantu benshi mu 1965 be n\u2019ihonyabwoko ryo mu 1972-73. Ubundi bwicanyi bwinshi buzwi mu Burundi inyuma y\u2019imyaka ya mirongo indwi gushika ubu, bwagumye bufise isano n\u2019amarementanya mabi y\u2019abakuru b\u2019impunzi z\u2019Abanyarwanda ;<\/p>\n<p>2. Abiyizi muri ubwo bwicanyi n\u2019ihonyabwoko mu Burundi, baba Abarundi canke Abanyamahanga (bafatiwe hamwe) basanga bategerezwa gufatana mu mugongo kugira ngo binyegeze ibihe vyose kugira bahunge ubutungane. Ni co kintu twama twita akagwi k\u2019abanyepolitike b\u2019inkorabara bama bashaka gusenyura inzego z\u2019igihugu zitorewe n\u2019Abenegihugu biciye muri demokarasi, ugusesa amaraso no kugandagura abantu kugira bahume amaso Abarundi n\u2019Amakungu, gurtyo ngo abakoze ubwo bwicanyi, ihonyabwoko n\u2019amabi yose akorwa mu gihugu ntibamenyekane. Ni nabo nyene badahengeshanya kuguma barementanya ibi na biriya, bategura ingene bo kwikurako ivyaha vy\u2019ihonyabwoko bakoze bibaremereye mu mitima yabo, bakiyumvira na ntaryo ingene bobisuka ku mugambwe CNDD-FDD na Reta yawo. Umugambwe CNDD-FDD uributsa ubwicanyi bwinshi n\u2019ihonyobwoko vyakozwe na Michel Micombero (ihonyabwoko ry\u2019Abantu, G\u00e9nocide physique), Jean Baptiste Bagaza (Ihonyabwoko ry\u2019ivy\u2019Ubwenge, G\u00e9nocide intellectuel), Petero Buyoya (Ihonyabwoko rya demokarasi, G\u00e9nocide d\u00e9mocratique) ; muri ivyo bihe vyose vy\u2019amagorwa mu vya poritike y\u2019Uburundi, Abanyarwanda bamwe bamwe mu bahawe ubuhungiro mu gihugu bari inyuma yavyo, mu gushira mu ngiro iyo migambi ya shetani ku mugaragaro canke binyegeje. Abo bantu rero ntibashaka kwumva vyaba ibiganiro bihuza Abarundi canke wa Mugwi ujejwe ukuri no Kunywanisha Abarundi CVR kuko bazi ko bitebe bitebuke bazomenyekana ;<\/p>\n<p>3. Ntibitangaje rero kwumva Paul Kagame, umuhinga w\u2019ivyiyumviro n\u2019imigambi y\u2019ihonyabwoko muri aka Karere nk\u2019uko yabikoze iwe, adahengeshanya kugomba kubigarukana mu mateka y\u2019Uburundi abicishije mu kwigisha no guha ibirwanisho impunzi z\u2019Abarundi kugira ngo baje gusomborotsa no guteza ihonyabwoko mu gihugu cabo c\u2019amavukiro. Ikibabaje ni uko uwo Kagame yibagira ko Abarundi bayamaze bati \u00ab aho yabukaranga twari musi y\u2019urujo, canke ngo iyo bumenya umwe bwari ikindi \u00bb yibaza ko mu gutanguza imigwi y \u2018abicanyi bakoresha iterabwoba mu ntara za Kayanza na Cibitoke mu ntumbero yo guhonya Abenegihugu nk\u2019uko yabigize mu mwaka w\u20191994, igihe yagomorera FPR-Inkotanyi ku banyagihugu bo muri perefegitura ya Byumba muri ico gihe yabamwo abantu barenga 750.000, intambara ikarangira muri iyo ntara ya Byumba hasigaye abantu batarenga 100.000 nabo nyene bahunze. K\u2019ubw\u2019Ikigongwe c\u2019Imana, ivyo yashaka ntivyabaye i Burundi, n\u2019aho Petero Buyoya na Louis Michel baza imbere mu bipfuza ko iryo honyabwoko riba;<\/p>\n<p>4. Ihonyabwoko ry\u2019abenegihugu bo muri Perefegitura ya Byumba ntiryahagije kuko Kagame yagize incungu abavukanyi biwe mu gusotora inzego zari zirongoye igihugu c\u2019Urwanda, abicishije mu bwicanyi bwinshi yakoze yiteze ko uruhande yasomborokeje rwivuna, ivyo navyo bikaba vyarashobotse mu Rwanda kuko Abenegihugu bacanyemwo, ariko mu Burundi bikaba vyarananiranye kuko urupfu rwa Prezida Ntaryamira Cyprien ntirwatumye Abarundi bamarana. Ikibabaje cane ni uko ivyo vyabaye igihe Umukuru w\u2019Igihugu c\u2019Uburundi yari avuye mu nama yabereye i Dar-es- Salaam muri Tanzaniya ku bijanye n\u2019ibiganiro vy\u2019Abanyarwanda vyabera i Arusha. Ivyo rero birerekana neza ko Paul Kagame, Petero Buyoya n\u2019abo bafatanije umugambi ntibakeneye ibiganiro haba mu Rwanda canke mu Burundi. Ivyo bashaka ni ubutegetsi bw\u2019igitugu, bwa gisirikare kandi bushingiye ku moko ;<\/p>\n<p>5. Mu gihe Abenegihugu b\u2019Abarundi bashingira ku vyiza vy\u2019Ibiganiro Mpuzabarundi bitavangura mu ntumbero y\u2019uko umwenegihugu wese yobijamwo akongera agaterera ivyiyumviro mu bwigenge no ku mugaragaro kugira ngo ukuri kumenyekane hongere hatorwe inyishu, ibihweba vy\u2019 Abarundi biyoboka Kagame biguma birondera ko ibiganiro bibera hanze y\u2019Uburundi kugira ngo bahishe ukuri kuriko kuraronderwa kuri kahise k\u2019Uburundi, kugira noneho habeho ukugabangana ibibanza mu nzego za Reta biciye muri Reta y\u2019imfatakibanza y\u2019amagaburanyama. Abo bikika mu kiza bavuga ngo bashaka kurwanira Ibwirizwa nshingiro n\u2019Amasezerano y\u2019i Arusha ni Abahahamiye gukamisha izo nyandiko kuko bashaka ayandi masezerano asa n\u2019ariya y\u2019i Arusha. Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo ni wo wonyene uhagarariye gukingira amasezerano ya Arusha ;<\/p>\n<p>6. Inyuma yo gutsindwa ku rubuga rwa poritike no mu bimenyeshamakuru ku ciyumviro co kuzana inteko mvamakungu MAPROBU, inyuma yo kubona ko Abarundi banse ivyiyumviro vy\u2019ihonyabwoko basutswemwo n\u2019abansi b\u2019Igihugu, basanze bari mu mayira abiri ku buryo badashobora kwemera ibiganiro hagati y\u2019Abarundi kuko ivyo bakoze vyohava bibatekurukana muri kwa kurondera ukuri, abansi b\u2019amahoro n\u2019umutekano w\u2019Igihugu, bafashijwe n\u2019urwaruka rwabo rwigishijwe iterabwoba mu nyigisho baronkeye mu Rwanda, bararwije amarementanya gushika aho bahenda Amakungu ngo hari \u00ab ibinogo bihambwemwo abantu benshi \u00bb bishasha mu Burundi, ko rero Ishirahamwe Mpuzamakungu ryorungika mu Burundi umugwi wo gukora amatohoza. Ivyo vyose bifise intumbero yo gusambura Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo kugira bishoboke ko hashingwa Reta y\u2019imfatakibanza;<\/p>\n<p>7. Nk\u2019uko Umugambwe CNDD-FDD waheruka kubishikiriza mw\u2019itangazo ryawo No 002 ryo ku wa 02 Ruhuhuma 2016, Uburundi ni Igihugu cikukiye kandi gifise Ubwigenge. Abenegihugu b\u2019Abarundi barashimiye kandi Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kuko, mu Ngingo yaryo No 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 ryategetse ko Uburundi bwubahirizwa mu Kwikukira, Ubwigenge,Imbibe n\u2019Ubumwe bw\u2019Abarundi.Umugambwe CNDD-FDD urasavye iryo Shirahamwe Mpuzamakungu ONU kwemera ko Umugwi ujejwe ukurondera Ukuri no kunywanisha Abarundi ariwo urekuriwe igikorwa co kurondera ibinogo bihambwemwo abantu benshi bikwiragiye mu mihingo y\u2019Igihugu kuva Uburundi bwikukira gushika n\u2019ubu.Rero ,ugushaka kurungika umugwi nk\u2019uwo wogukora amatohoza mu gihugu bidaciye muri CVR biranyegeje,imbere y\u2019amaso y\u2019Abarundi umugambi wo guishira mu ngiro amarementanya yagiye arategurwa kanatsinda ntihigeze haba imigwi y\u2019amatohoza ku bijanye n\u2019ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuva Uburundi bwikukira. Eka n\u2019uruhafu ruhambwemwo Umwami Ntare V, Karori Ndizeye ntiruramenyekana aho ruri, kandi Abenegihugu badahema kurondera aho ruri, ariko iryo Shirahamwe Mpuzamakungu ONU rikaba ataco ryigeze rikora kugira urwo ruhafu ruboneke, n\u2019abo ba Buyoya, ba Bagaza na bagenzi babo bakaba banka kuvuga aho bamuhamvye. Mu gihe Umukoroni Louis Michel na bagenzi bama bavuga ko bazi neza kahise k\u2019Uburundi, mbere n\u2019Ububirigi bukaba aribwo bwica bugakiza mu gihe c\u2019igikoroni mu Burundi kubera iki banka kwerekana ahashinguwe Umupfasoni wa Rudoviko Rwagasore, Incungu yo kwikukira kw\u2019Uburundi ;<\/p>\n<p>8. Nk\u2019uko twari twabivuze mu ntango y\u2019iri tangazo, abafise ivyo biyagiriza canke biyizi mu bwicanyi bwakozwe mu Burundi basya batazambaye ngo ukuri ntikumenyekane, ari naco gituma baguma bakora amarementanya yo kudurumbanya Igihugu, kugira ngo ntibahe akanya na gatoya Abenegihugu ko gushobora kurondera ukwo kuri biciye mu biganiro bitavangura. Kuba barakoze amarorerwa muri kahise k\u2019Uburundi gushika n\u2019aho Kagame atwicira Umukuru w\u2019Igihugu cacu NTARYAMIRA Cyprien, ntibashire agati mu ryinyo kuko abakoze iryo bara bategerezwa kubibazwa ! Ukuri kurashobora kuburabuzwa ku munsi canke ukwezi, ariko kurateba kukaja ahabona. Si ugushaka kuburabuza canke kunigira mu menshi ibiganiro bihuza Abarundi, si ugushaka gutembagaza intwaro biciye mu biganiro vy\u2019amagaburanyama vyozana Reta mfatakibanza bizotuma ukuri ku vyabaye kutamenyekana. Iyo nzira ntishika. Bamenye ko ikintu cose kifise intango n\u2019iherezo ;<\/p>\n<p>9. Umugambwe CNDD-FDD urangije iri tangazo usaba Abenegihugu kuguma batekanye kandi bafatanye mu nda, bongere baje mu biganiro mpuzabarundi kanatsinda ukuri kuzana urukiza. Umugambwe CNDD-FDD urasavye Amakungu kubandanya ashigikira ivyo biganiro bihuza Abarundi, yongere afashe mu kuronsa uburyo wa murwi CNDI kugirango ushobore no kuja kwumviriza Abarundi bari hanze, gurtyo icegeranyo uzosohora kizobe kirimwo ivyiyumviro vy\u2019Abarundi bose.<\/p>\n<p>Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 17 Ruhuhuma 2016<\/p>\n<p>Umushingamateka Pascal Nyabenda,<\/p>\n<p>Umukuru w\u2019Umugambwe CNDD-FDD.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>ITANGAZO NO 003\/2016 RY\u2019UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 17 RUHUHUMA 2016 Ababandanya bihambirira ku vyiyumviro vy\u2019ihonyabwoko n\u2019ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni abo nyene batemera ibiganiro hagati y\u2019Abarundi na wa Mugwi ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR)<\/p>\n","protected":false},"author":4,"featured_media":12477,"comment_status":"closed","ping_status":"closed","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[64],"tags":[],"class_list":["post-12475","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amakuru"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v27.8 - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-wordpress\/ -->\n<title>Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba! - Umunyarwanda<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_US\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba! - Umunyarwanda\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"ITANGAZO NO 003\/2016 RY\u2019UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 17 RUHUHUMA 2016 Ababandanya bihambirira ku vyiyumviro vy\u2019ihonyabwoko n\u2019ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni abo nyene batemera ibiganiro hagati y\u2019Abarundi na wa Mugwi ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR)\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"Umunyarwanda\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2016-02-18T20:19:45+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2016-02-18T20:21:51+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2016\/02\/Byumba.12.gif\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"600\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"371\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/gif\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"therwandan\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"therwandan\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Est. reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"7 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\\\/\\\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/\"},\"author\":{\"name\":\"therwandan\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/#\\\/schema\\\/person\\\/f78fe217cd1154482ef5e1ef50e49461\"},\"headline\":\"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba!\",\"datePublished\":\"2016-02-18T20:19:45+00:00\",\"dateModified\":\"2016-02-18T20:21:51+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/\"},\"wordCount\":1330,\"image\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/wp-content\\\/uploads\\\/sites\\\/3\\\/2016\\\/02\\\/Byumba.12.gif\",\"articleSection\":[\"Amakuru\"],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/\",\"url\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/\",\"name\":\"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba! - Umunyarwanda\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/wp-content\\\/uploads\\\/sites\\\/3\\\/2016\\\/02\\\/Byumba.12.gif\",\"datePublished\":\"2016-02-18T20:19:45+00:00\",\"dateModified\":\"2016-02-18T20:21:51+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/#\\\/schema\\\/person\\\/f78fe217cd1154482ef5e1ef50e49461\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/wp-content\\\/uploads\\\/sites\\\/3\\\/2016\\\/02\\\/Byumba.12.gif\",\"contentUrl\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/wp-content\\\/uploads\\\/sites\\\/3\\\/2016\\\/02\\\/Byumba.12.gif\",\"width\":600,\"height\":371},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\\\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba!\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/#website\",\"url\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/\",\"name\":\"Umunyarwanda\",\"description\":\"The Rwandan\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/#\\\/schema\\\/person\\\/f78fe217cd1154482ef5e1ef50e49461\",\"name\":\"therwandan\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\\\/\\\/secure.gravatar.com\\\/avatar\\\/06bc5c65a45f58d7f849b8ffeadbcbead2f01f93f9e0bd2308e424ed1a6be18c?s=96&d=mm&r=g\",\"url\":\"https:\\\/\\\/secure.gravatar.com\\\/avatar\\\/06bc5c65a45f58d7f849b8ffeadbcbead2f01f93f9e0bd2308e424ed1a6be18c?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\\\/\\\/secure.gravatar.com\\\/avatar\\\/06bc5c65a45f58d7f849b8ffeadbcbead2f01f93f9e0bd2308e424ed1a6be18c?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"therwandan\"},\"url\":\"https:\\\/\\\/www.therwandan.com\\\/ki\\\/author\\\/therwandan\\\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba! - Umunyarwanda","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/","og_locale":"en_US","og_type":"article","og_title":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba! - Umunyarwanda","og_description":"ITANGAZO NO 003\/2016 RY\u2019UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 17 RUHUHUMA 2016 Ababandanya bihambirira ku vyiyumviro vy\u2019ihonyabwoko n\u2019ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni abo nyene batemera ibiganiro hagati y\u2019Abarundi na wa Mugwi ujejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR)","og_url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/","og_site_name":"Umunyarwanda","article_published_time":"2016-02-18T20:19:45+00:00","article_modified_time":"2016-02-18T20:21:51+00:00","og_image":[{"width":600,"height":371,"url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2016\/02\/Byumba.12.gif","type":"image\/gif"}],"author":"therwandan","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"therwandan","Est. reading time":"7 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/"},"author":{"name":"therwandan","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/f78fe217cd1154482ef5e1ef50e49461"},"headline":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba!","datePublished":"2016-02-18T20:19:45+00:00","dateModified":"2016-02-18T20:21:51+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/"},"wordCount":1330,"image":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2016\/02\/Byumba.12.gif","articleSection":["Amakuru"],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/","url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/","name":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba! - Umunyarwanda","isPartOf":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2016\/02\/Byumba.12.gif","datePublished":"2016-02-18T20:19:45+00:00","dateModified":"2016-02-18T20:21:51+00:00","author":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/f78fe217cd1154482ef5e1ef50e49461"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/#primaryimage","url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2016\/02\/Byumba.12.gif","contentUrl":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2016\/02\/Byumba.12.gif","width":600,"height":371},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-perezida-kagame-gukorera-itsembabwoko-abaturage-ba-perefegitura-ya-byumba\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Perezida Kagame gukorera itsembabwoko abaturage ba Perefegitura ya Byumba!"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#website","url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/","name":"Umunyarwanda","description":"The Rwandan","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/f78fe217cd1154482ef5e1ef50e49461","name":"therwandan","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/06bc5c65a45f58d7f849b8ffeadbcbead2f01f93f9e0bd2308e424ed1a6be18c?s=96&d=mm&r=g","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/06bc5c65a45f58d7f849b8ffeadbcbead2f01f93f9e0bd2308e424ed1a6be18c?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/06bc5c65a45f58d7f849b8ffeadbcbead2f01f93f9e0bd2308e424ed1a6be18c?s=96&d=mm&r=g","caption":"therwandan"},"url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/author\/therwandan\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/12475","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/users\/4"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=12475"}],"version-history":[{"count":0,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/12475\/revisions"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/media\/12477"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=12475"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=12475"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=12475"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}