{"id":25610,"date":"2018-04-06T22:03:01","date_gmt":"2018-04-06T20:03:01","guid":{"rendered":"http:\/\/www.therwandan.com\/ki\/?p=25610"},"modified":"2018-04-07T04:56:53","modified_gmt":"2018-04-07T02:56:53","slug":"burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/","title":{"rendered":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y&#8217;u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira"},"content":{"rendered":"<p>ITANGAZO RY\u2019UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N\u2019UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W\u2019IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA<\/p>\n<p>Imyaka 24 irarangiye, Nyenicubahiro Umuku<span class=\"text_exposed_show\">ru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Cyprien NTARYAMIRA n\u2019abashikiranganji babiri ba Reta y\u2019Uburundi Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c\u2019Urwanda.<\/span><\/p>\n<div class=\"text_exposed_show\">\n<p>Kuri iryo genekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, indege barimwo yari isanzwe irerura umukuru w\u2019igihugu c\u2019Urwanda Juv\u00e9nal Habyarimana yatewe igisasu ca missile abarimwo ntanumwe yarokotse kukaba nkako cari igitero categuwe neza.<\/p>\n<p>Iryo gandagurwa rya Perezida Cyprien Ntaryamira ryari mu rukurikirane rwo kunigira mu menshi demokarasi mu Burundi,kuko ryashitse haciye amezi atanu gusa nyenicubahiro Melchior Ndadaye n\u2019abo bafashanya kurongora igihugu bagandaguwe bunyamaswa atacamira, amakungu arorera.<\/p>\n<p>Kuri iri genekerezo ni akaryo ko kwibuka kugirango akahise kadufashe gutegura kazoza.<\/p>\n<p>Biratangaje kandi birateye agahinda kubona gushika kuri iri genekerezo ubutungane ataco burakora. Ivyo rero bigakora mu nkovu abarundi mu gihe bimaze kwibonekeza ko ivyama bikora mu nda abarundi biza biva mu Rwanda.<\/p>\n<p>Aha twokwibuka ko, uretse Nyenicubahiro Cyprien NTARYAMIRA n\u2019abashikiranganji babiri bagandaguriwe mu gihugu c\u2019Urwanda, n\u2019Umushikirangoma wa mbere w\u2019Uburundi, Petero NGENDANDUMWEyagandaguwe n\u2019umunyarwanda kandi yaravyiyemereye. None no mu mwaka w\u20192015 twariboneye twese ko abatikije inganda bakanatembagaza inzego zitorewe n\u2019abenegihugu baciye baja kwinyegeza mu gihugu c\u2019Urwanda kugirango ubutungane ntibubakurikirane. Ico gihugu n\u2019uno munsi nico kiguma cinjiza mu gisirikare caco urwaruka rw\u2019impunzi.<\/p>\n<p>Dufatiye kuri ivyo vyose,<\/p>\n<p>Umugambwe CNDD-FDDurongeye guhoza abarundi bose, n\u2019imiryango yabuze ;<\/p>\n<p>Mu gihe Uburundi buri mu nzira nziza y\u2019ukumenya ukuri kuri kahise n\u2019ukunywanisha Abarundi ni ngombwa ko imvo n\u2019imvano y\u2019urupfu rw\u2019umukuru w\u2019igihugu Ntaryamira n\u2019abashikiranganji barikumwe imenyekana, gurtyo twubake igihugu atagukangarizako ;<\/p>\n<p>Umugambwe CNDD-FDDurasavye ushimitse Reta y\u2019Uburundi kubandanya gukurikirana ivyaha vyose bigayitse Urwanda rwagizemwo uruhara kugira ngo ukuri kuje ahabona, ubutungane bukore, abagirwa n\u2019ivyo vyaha bakubitwe intahe mu gahanga, bongere batange indishi y\u2019akababaro ku miryango yabuze ;<\/p>\n<p>Umugambwe CNDD-FDDurasavye kandi Reta y\u2019Uburundi kwitwarira igihugu c\u2019Urwanda mu masentare yaba ayo mu muryango w\u2019ibihugu vya Afrika y\u2019Ubuseruko, ayo mu Bumwe bwa Afrika mbere n\u2019amasentare mpuzamakungu ku mabi yose igihugu c\u2019Urwanda cakoreye Uburundi harimwo n\u2019igandagurwa ry\u2019indongozi nk\u2019Umushikirangoma Petero NGENDANDUMWE, Perezida Cyprien NTARYAMIRA n\u2019abandi bagandaguwe n\u2019ico gihugu ;<\/p>\n<p>Umugambwe CNDD-FDDuhamagariye ishirahamwe ry\u2019Ubumwe bwa Afrika kwishura ku birego igihugu c\u2019Uburundi carituye ku bijanye n\u2019amabi igihugu c\u2019Urwanda cakoze kandi kibandanya gikorera Uburundi, aho twovuga nko guha ibirwanisho abagize imigumuko mu gisagara ca Bujumbura bagahekura Abarundi batari bake muri 2015 ; ugucumbikira inkozi z\u2019ikibi zarwanije ishaka ry\u2019abenegihugu mu gutembagaza inzego bitoreye, kugirisha imyimenyerezo ya gisirikare n\u2019uguha ibirwanisho impunzi ziganjemwo urwaruka no kuziroha guhangana n\u2019igisirikare c\u2019igihugu c\u2019Uburundi gizanzwe kizwi ko ari bitumwako mu makungu ;<\/p>\n<p>Umugambwe CNDD-FDDusavye ushimitse Reta y\u2019Urwanda kurekura abarundi bahungiyeyo yagize imbohe kandi bashaka guhunguka. Iyo Reta itegerezwa kandi gutanga umuco ku barundi b\u2019imiyabaga bari bahungiyeyo bavuye mu gihugu ca Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo, babuzwe irengero, ababo bakaba babandanya basaba ko borekurwa mu gihe vyemezwa ko bajanywe ku nguvu mu mirwi irwana.<\/p>\n<p>Umugambwe CNDD-FDDuhamagariye indongozi z\u2019igihugu c\u2019Urwanda na cane cane umukuru w\u2019igihugu Paul KAGAME guhagarika ingendo igayitse yihaye yo kudurumbanya umutekano w\u2019igihugu c\u2019Uburundi kubera imvo azi wenye ubwiwe;<\/p>\n<p>Umugambwe CNDD-FDDurasavye ushimitse Reta y\u2019Urwanda gukurikiza amategeko mpuzamakungu yashizeko umukono cane cane kureka gukingira ikibaba abarundi baronderwa n\u2019ubutungane. Ka muyobozi w\u2019ishirahamze ry\u2019Ubumwze bwa Afrika, yari akwiye kwerekana uburongozi nyabwo agatunganiriza Uburundi nk\u2019uko atunganiriza ibindi bihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe ;<\/p>\n<p>Umugambwe CNDD-FDDurangije rino tangazo usaba abarundi kurema ukongera ugahamagarira abarundi bose kuzokwitabira amatora y\u2019bwirizwa nshingiro muri Rusama 2018 kugirango twitegurire kazoza k\u2019igihugu mu kugitunganya.<\/p>\n<p>Bigiriwe i BUJUMBURA,<\/p>\n<p>Igenekerezo rya 5\/04\/2018<\/p>\n<p>Evariste NDAYISHIMIYE<\/p>\n<p>UMUNYAMABANGA MUKURU<\/p>\n<\/div>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>ITANGAZO RY\u2019UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N\u2019UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W\u2019IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA Imyaka 24 irarangiye, Nyenicubahiro Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Cyprien NTARYAMIRA n\u2019abashikiranganji babiri ba Reta y\u2019Uburundi Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c\u2019Urwanda. Kuri iryo genekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, indege barimwo yari isanzwe irerura umukuru w\u2019igihugu c\u2019Urwanda Juv\u00e9nal Habyarimana yatewe igisasu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":2,"featured_media":25612,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"video","meta":{"footnotes":""},"categories":[66],"tags":[],"class_list":["post-25610","post","type-post","status-publish","format-video","has-post-thumbnail","hentry","category-akarere","post_format-post-format-video"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO plugin v25.3.1 - https:\/\/yoast.com\/wordpress\/plugins\/seo\/ -->\n<title>Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y&#039;u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira - Umunyarwanda<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"en_US\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y&#039;u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira - Umunyarwanda\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"ITANGAZO RY\u2019UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N\u2019UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W\u2019IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA Imyaka 24 irarangiye, Nyenicubahiro Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Cyprien NTARYAMIRA n\u2019abashikiranganji babiri ba Reta y\u2019Uburundi Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c\u2019Urwanda. Kuri iryo genekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, indege barimwo yari isanzwe irerura umukuru w\u2019igihugu c\u2019Urwanda Juv\u00e9nal Habyarimana yatewe igisasu [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"Umunyarwanda\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2018-04-06T20:03:01+00:00\" \/>\n<meta property=\"article:modified_time\" content=\"2018-04-07T02:56:53+00:00\" \/>\n<meta property=\"og:image\" content=\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2018\/04\/sddefault-6.jpg\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:width\" content=\"640\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:height\" content=\"480\" \/>\n\t<meta property=\"og:image:type\" content=\"image\/jpeg\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"therwda\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"Written by\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"therwda\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Est. reading time\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/\",\"url\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/\",\"name\":\"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y'u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira - Umunyarwanda\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2018\/04\/sddefault-6.jpg\",\"datePublished\":\"2018-04-06T20:03:01+00:00\",\"dateModified\":\"2018-04-07T02:56:53+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/e7443e799cb2ddd036d77274bf6fc089\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"en-US\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2018\/04\/sddefault-6.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2018\/04\/sddefault-6.jpg\",\"width\":640,\"height\":480},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Home\",\"item\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y&#8217;u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#website\",\"url\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/\",\"name\":\"Umunyarwanda\",\"description\":\"The Rwandan\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"en-US\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/e7443e799cb2ddd036d77274bf6fc089\",\"name\":\"therwda\",\"image\":{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"en-US\",\"@id\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/image\/\",\"url\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/638fa5c55f77e8c27e06281ee4e9bf4c68b2dd109665c9846f31bf16d42f64a5?s=96&d=mm&r=g\",\"contentUrl\":\"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/638fa5c55f77e8c27e06281ee4e9bf4c68b2dd109665c9846f31bf16d42f64a5?s=96&d=mm&r=g\",\"caption\":\"therwda\"},\"url\":\"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/author\/therwda\/\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y'u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira - Umunyarwanda","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/","og_locale":"en_US","og_type":"article","og_title":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y'u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira - Umunyarwanda","og_description":"ITANGAZO RY\u2019UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N\u2019UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W\u2019IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA Imyaka 24 irarangiye, Nyenicubahiro Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi Cyprien NTARYAMIRA n\u2019abashikiranganji babiri ba Reta y\u2019Uburundi Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c\u2019Urwanda. Kuri iryo genekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, indege barimwo yari isanzwe irerura umukuru w\u2019igihugu c\u2019Urwanda Juv\u00e9nal Habyarimana yatewe igisasu [&hellip;]","og_url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/","og_site_name":"Umunyarwanda","article_published_time":"2018-04-06T20:03:01+00:00","article_modified_time":"2018-04-07T02:56:53+00:00","og_image":[{"width":640,"height":480,"url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2018\/04\/sddefault-6.jpg","type":"image\/jpeg"}],"author":"therwda","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"Written by":"therwda","Est. reading time":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/","url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/","name":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y'u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira - Umunyarwanda","isPartOf":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2018\/04\/sddefault-6.jpg","datePublished":"2018-04-06T20:03:01+00:00","dateModified":"2018-04-07T02:56:53+00:00","author":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/e7443e799cb2ddd036d77274bf6fc089"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#breadcrumb"},"inLanguage":"en-US","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#primaryimage","url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2018\/04\/sddefault-6.jpg","contentUrl":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-content\/uploads\/sites\/3\/2018\/04\/sddefault-6.jpg","width":640,"height":480},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/burundi-ishyaka-cndd-fdd-rirashinja-leta-yu-rwanda-urupfu-rwa-cyprien-ntaryamira\/#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Home","item":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y&#8217;u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#website","url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/","name":"Umunyarwanda","description":"The Rwandan","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"en-US"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/e7443e799cb2ddd036d77274bf6fc089","name":"therwda","image":{"@type":"ImageObject","inLanguage":"en-US","@id":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/#\/schema\/person\/image\/","url":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/638fa5c55f77e8c27e06281ee4e9bf4c68b2dd109665c9846f31bf16d42f64a5?s=96&d=mm&r=g","contentUrl":"https:\/\/secure.gravatar.com\/avatar\/638fa5c55f77e8c27e06281ee4e9bf4c68b2dd109665c9846f31bf16d42f64a5?s=96&d=mm&r=g","caption":"therwda"},"url":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/author\/therwda\/"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/25610","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/users\/2"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=25610"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/25610\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":25636,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/25610\/revisions\/25636"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/media\/25612"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=25610"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=25610"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.therwandan.com\/ki\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=25610"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}