Hubert Vedrine ariyama abagiriza Francois Mitterrand uruhara muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994

Hubert Vedrine, yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubufaransa, ariyama abagiriza uruhara muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994, uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, umuhisi Francois Mitterrand.

Mu ntango z’uku kwezi hari abanywanyi b’umugambwe w’aba Socialistes 23 bahoze muri leta ya Francois Mitterand, bandikiye umunyamabanga wa mbere wawo Olivier Faure.

Bamusavye kwihaniza umukandida wabo yareze Mitterand n’ubutegetsi bwiwe uruhara muri genocide yabaye mu 1994 mu Rwanda.

Nk’uko vyatangajwe n’ibinyamakuru vyo mu Bufaransa birimwo le Canard Enchaine, abo bari abashikiranganji biyama amajambo ya Raphael Gluckmann ngo yavuze ko ‘Francois Mitterand yafashije muri genoside yabaye mu Rwanda mu 1994’.

Ni amajambo bemeza ko yavuze inyuma ya mitingi yakoreye Toulouse yiyamamariza umwanya mu nama nshingamateka y’ubumwe bwa Buraya.

Hubert Vedrine, yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire, aba umuvugizi wa Perezida Mitterand, n’ubu akaba ariwe ayobora ikigo Mitterand, yavuganye na Florentine Kwizera abanza kumubaza nimba hari icakozwe inyuma y’iyo baruwa yabo, mu kiganiro mushobora kwumva aho hejuru.

BBC