Leta y’u Rwanda yahaye u Burundi Abarwanyi 19 ba RED-Tabara

Kuri uyu wa gatanu, Igisirikare c’u Rwanda cahaye Uburundi abarwanyi 19 barwanya reta y’ico gihugu. Bafashwe mu mwaka uheze mu ntara y’amajepfo y’u Rwanda ku rubibe n’Uburundi. Biyemerera ko bagize umuhari RED-TABARA kandi ko barwaya reta y’Uburundi.

Ni igikorwa cabereye ku mupaka wa Gasenyi Nemba ivyo bihugu bibiri bihana, mu karere ka Bugesera ku ruhande rw’u Rwanda no mu Ntara ya Kirundo ku runde rw’Uburundi.

Ingabo z’u Rwanda, zashikirije Uburundi abo barwanyi biciye mu mugwi ujejwe kugenzura imipaka mu karere k’ibiyaga binini (Expanded Joint Verification Mechanism, EJVM).

Muri ico gikorwa u Rwanda rwari ruhagarariwe na Brig Gen Vincent Nyakarundi, Umuyobozi ashinzwe iperereza rya Gisirikare mu Ngabo z’u Rwanda (RDF), mu gihe Uburundi bwari bwaserukiwe na Col Ernest Musaba atwara iperereza mu gisirikare c’Uburundi.

Abandi bari ngaho barimwo Umuyobozi wa EJVM, Col Joseé Rui Lourdes Miranda n’icegera c’umuyobozi mw’Ishami ry’Umuryango mpuzamakungu ryitaho abanyagihugu (UNFPA) mu Burundi, Richmond Tiemoko.

Abo barwanyi 19 bafatiwe mu Karere ka Nyaruguru muri kwezi kw’10 umwaka w’i 2020.

Igihe bafatwa biyemereye ko bari mu mutwe w’abarwanyi wa RED Tabara urwanya reta y’Uburundi, usaba ufise ibirindiro mu buseruko bwa Kongo.

Ni igikorwa kije gushimangira umubano mwiza hagati y’ivyo bihugu bibiri, wari waratosekaye kuva mu mwaka w’i 2015.

Kuri uyu wa kane, umushikiranganji w’imigenderanire y’u Rwanda Dr Vincent Biruta yari yatangaje ko u Rwanda rugiye kubandanya rwerekana utwigoro twiza two kunagura iyo migenderanire.

VOA