Rwanda:Virusi ya Corona Ikomeje Kugira Ingaruka Zitadukanye

Mu Rwanda icyorezo cya Virus ya corona gikomeje kugira ingaruka mu nzego zitandukanye zigize ubuzima bw’igihugu.

Umunsi ku wundi haragenda hagaragara zimwe muri za servise zitari gutangwa neza uko bikwiye kubera gutinya icyo icyorezo gikomeje kugariza isi yose

Inkuru yategwuwe n’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eric Bagiruwubusa

Mu Rwanda icyorezo cya Virusi ya Corona cyagize ingaruka ku izamuka ry’ibiciro ku masoko. Ni mu gihe bimwe mu bifungurwa birimwo umuceri byatangiye kuba iyanga ku masoko. 

Ijwi ry’Amerika ryagendeye i Nyarugenge mu mujyi wa Kigali aho ryasanze abacuruzi n’abaguzi baterana amagambo kubera ibura rya bimwe mu biribwa. Ku mastoke ya bamwe mu bacuruzi, abaguzi bari batonze imirongo bashaka guhaha mu mugambi wo kwizigamira mu ngo zabo muri ibi bihe isi yose yugarijwe n’icyorezo cya Virusi ya Corona.

Nta mucuruzi ushobora kukwerurira mu itangazamakuru uko ibidandazwa bimwe n’ibindi biriko biragurishwa. Gusa ihame ni uko ibiciro byo byazamutse ku bicuruzwa hafi ya byose. Akarorero ka bimwe mu vyadugijwe ibiciro Ijwi ry’Amerika rifitiye ivyemezo ni nk’umufuka w’umuceri wahora ugurwa amafaranga y’Amanyarwanda 26000 uriko ugurwa ibihumbi 30000.

Ubutegetsi bwagabishije abariko barikika mu kiza baduza ivyo biciro ko uwuramutse afatwa azohanwa hakurikijwe amategeko. Kugeza ubu, abagera kuri batanu ni bo bamaze kwemezwa n’ubutegetsi mu Rwanda ko banduye virusi ya Corona.

Inkuru yateguwe n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eric Bagiruwubusa.