Burundi: Ishyaka CNDD FDD rirashinja Leta y’u Rwanda urupfu rwa Cyprien Ntaryamira

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA

Imyaka 24 irarangiye, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Cyprien NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Kuri iryo genekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, indege barimwo yari isanzwe irerura umukuru w’igihugu c’Urwanda Juvénal Habyarimana yatewe igisasu ca missile abarimwo ntanumwe yarokotse kukaba nkako cari igitero categuwe neza.

Iryo gandagurwa rya Perezida Cyprien Ntaryamira ryari mu rukurikirane rwo kunigira mu menshi demokarasi mu Burundi,kuko ryashitse haciye amezi atanu gusa nyenicubahiro Melchior Ndadaye n’abo bafashanya kurongora igihugu bagandaguwe bunyamaswa atacamira, amakungu arorera.

Kuri iri genekerezo ni akaryo ko kwibuka kugirango akahise kadufashe gutegura kazoza.

Biratangaje kandi birateye agahinda kubona gushika kuri iri genekerezo ubutungane ataco burakora. Ivyo rero bigakora mu nkovu abarundi mu gihe bimaze kwibonekeza ko ivyama bikora mu nda abarundi biza biva mu Rwanda.

Aha twokwibuka ko, uretse Nyenicubahiro Cyprien NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri bagandaguriwe mu gihugu c’Urwanda, n’Umushikirangoma wa mbere w’Uburundi, Petero NGENDANDUMWEyagandaguwe n’umunyarwanda kandi yaravyiyemereye. None no mu mwaka w’2015 twariboneye twese ko abatikije inganda bakanatembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu baciye baja kwinyegeza mu gihugu c’Urwanda kugirango ubutungane ntibubakurikirane. Ico gihugu n’uno munsi nico kiguma cinjiza mu gisirikare caco urwaruka rw’impunzi.

Dufatiye kuri ivyo vyose,

Umugambwe CNDD-FDDurongeye guhoza abarundi bose, n’imiryango yabuze ;

Mu gihe Uburundi buri mu nzira nziza y’ukumenya ukuri kuri kahise n’ukunywanisha Abarundi ni ngombwa ko imvo n’imvano y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Ntaryamira n’abashikiranganji barikumwe imenyekana, gurtyo twubake igihugu atagukangarizako ;

Umugambwe CNDD-FDDurasavye ushimitse Reta y’Uburundi kubandanya gukurikirana ivyaha vyose bigayitse Urwanda rwagizemwo uruhara kugira ngo ukuri kuje ahabona, ubutungane bukore, abagirwa n’ivyo vyaha bakubitwe intahe mu gahanga, bongere batange indishi y’akababaro ku miryango yabuze ;

Umugambwe CNDD-FDDurasavye kandi Reta y’Uburundi kwitwarira igihugu c’Urwanda mu masentare yaba ayo mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, ayo mu Bumwe bwa Afrika mbere n’amasentare mpuzamakungu ku mabi yose igihugu c’Urwanda cakoreye Uburundi harimwo n’igandagurwa ry’indongozi nk’Umushikirangoma Petero NGENDANDUMWE, Perezida Cyprien NTARYAMIRA n’abandi bagandaguwe n’ico gihugu ;

Umugambwe CNDD-FDDuhamagariye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kwishura ku birego igihugu c’Uburundi carituye ku bijanye n’amabi igihugu c’Urwanda cakoze kandi kibandanya gikorera Uburundi, aho twovuga nko guha ibirwanisho abagize imigumuko mu gisagara ca Bujumbura bagahekura Abarundi batari bake muri 2015 ; ugucumbikira inkozi z’ikibi zarwanije ishaka ry’abenegihugu mu gutembagaza inzego bitoreye, kugirisha imyimenyerezo ya gisirikare n’uguha ibirwanisho impunzi ziganjemwo urwaruka no kuziroha guhangana n’igisirikare c’igihugu c’Uburundi gizanzwe kizwi ko ari bitumwako mu makungu ;

Umugambwe CNDD-FDDusavye ushimitse Reta y’Urwanda kurekura abarundi bahungiyeyo yagize imbohe kandi bashaka guhunguka. Iyo Reta itegerezwa kandi gutanga umuco ku barundi b’imiyabaga bari bahungiyeyo bavuye mu gihugu ca Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo, babuzwe irengero, ababo bakaba babandanya basaba ko borekurwa mu gihe vyemezwa ko bajanywe ku nguvu mu mirwi irwana.

Umugambwe CNDD-FDDuhamagariye indongozi z’igihugu c’Urwanda na cane cane umukuru w’igihugu Paul KAGAME guhagarika ingendo igayitse yihaye yo kudurumbanya umutekano w’igihugu c’Uburundi kubera imvo azi wenye ubwiwe;

Umugambwe CNDD-FDDurasavye ushimitse Reta y’Urwanda gukurikiza amategeko mpuzamakungu yashizeko umukono cane cane kureka gukingira ikibaba abarundi baronderwa n’ubutungane. Ka muyobozi w’ishirahamze ry’Ubumwze bwa Afrika, yari akwiye kwerekana uburongozi nyabwo agatunganiriza Uburundi nk’uko atunganiriza ibindi bihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe ;

Umugambwe CNDD-FDDurangije rino tangazo usaba abarundi kurema ukongera ugahamagarira abarundi bose kuzokwitabira amatora y’bwirizwa nshingiro muri Rusama 2018 kugirango twitegurire kazoza k’igihugu mu kugitunganya.

Bigiriwe i BUJUMBURA,

Igenekerezo rya 5/04/2018

Evariste NDAYISHIMIYE

UMUNYAMABANGA MUKURU